Abasirikare ba ONU barakomerewe muri Cote d'Ivoire

Umusirikare wa ONU ku kazi muri Cote d'Ivoire Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umusirikare wa ONU ku kazi muri Cote d'Ivoire

Iyicwa ry'abagore batandatu bari mu myiyerekano ata kirwanisho na kimwe bitwaje, ryasubije ibintu inyuma muri Cote d'Ivoire.

Ariko ico gihugu cari kimaze amezi mu mvururu z'urutavanako.

Amajana y'abantu baramaze kwicwa kuva aho amatora abereye, benshi bakaba bari abatavuga rumwe na leta, canke abaketswe kuba badashigikiye leta, bakaba barishwe n'ibigirankana n'abajejwe umutekano canke imigwi yitwaje ibirwanisho itegekwa n'umukuru yahahora Laurent Gbagbo.

Intumbero ngo n'ugutera ubwoba abashigikiye abatavuga rumwe na leta, bakareka kuririmba ko Alassane Ouattara yatsinze amatora.

Umuryango mpuzamakungu waremeje ku mugaragaro ko Alassane Ouattara ari we yatsinze amatora, ivyo bikaba vyaratumye ingabo za ONU zihagarariye amahoro muri Cote d'Ivoire, zihangana n'imigwi y'abarwanyi ya bwana Gabagbo ku murwa mukuru Abidja.

Ibintu birakomeye

Umuvugizi wa ONU yavuze ko abasirikare babo muri Cote d'Ivoire bakomerewe n'akazi kandi ngo bahangayikishijwe n'ukwiyongera kw'ubugizi bwa nabi.

Abaserukiye ibihugu bariko baraganira ku kibazo c'uko intambara ishobora gukwiragira mu gihugu hose.

Ariko benshi muri Cote d'Ivoire babona ko urugamba rwakamvye.

Ikindi cerekana ko ibintu bitoroshe, ONU iheruka kwakira indege zibiri z'ingwano yatumyeko zo kwifashisha.

Iciyumviro c'uko izo ndege kabuhariwe zishobora gukoreshwa mu gisagara kinini nka Abidjan, naho kwoba ari mu kwivuna gusa, gituma abantu babona ko muri Cote d'Ivoire hatakiri aho gutuma umwana.