libyaicrc

Intambara muri Libya Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Intambara muri Libya

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabar' imababare Croix Rouge, rivuga ko Libya yageze mu ntambara bwite.

ICRC iravuga kw'abanyagihugu aribo bariko bararwa mu mporero kandi ngo ntibirishobokera gushika ahariko haraber' intamabra zikomeye.

Umukuru wa ICRC Jakob Kellemeberger avuga kw' atar' ivyo gusabirwako kubona haheze iminsi 24 kuva intambara zitangura, igice kinini ca Libya ata nfashanyo zihagera.

Ingabo za Gaddafi zikomeza guter' uturere twifatiwe n' abamwiyamiriza: aho zasukiriye ibi sasu vya missiles hafi y' umuji wa Ras Lanuf urwiriyemwo petrol.

Naho kure mu buseruko, indege za leta zateye ibisasu ku muji wa Brega , nawo nyene wifatiwe n'abiyamiriza leta.