Libya:Abarwanya leta baravuga ko bakomeje guterwa

Abitwaje intwaro muri Libya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abitwaje intwaro muri Libya

Abitwaje intwaro muri Libya baravuga ko ingabo za leta zarashe umujyi wa Misrata zikoresheje intwaro za rutura.

Misrata iri mu birometero 200 mu burasirazuba bwa Tripoli, Misrata n'umujyi wa 3 ukomeye muri Libya.

Amakuru aravuga ko abantu benshi bakomeretse.

Hari amakuru avuga ko indi imirwano yabereye mu burengerazuba bwa Tripoli, hafi y'imijyi ya Zintun na Nalut.

Mu burasirazuba bwa Libya, ingabo za leta zahanganye n'abitwaje intwaro ku nkengero hagati ya Benghazi na Ajdabiya.

Abarwanya leta baravuga ko bafashe abasirikare 20 ba leta.