Rwanda:Polisi ivuga ku bapfunzwe mu mpisho?

Iminyoro Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Iminyororo

Igipolisi c'Urwanda kiremeza ko har' igihe kuber'uburemere bw'ivyaha baregwa, abapfunzwe baguma muri police

ikiringo kirenga ic' amasaha 72 ateganijwe n'amategeko

Umuvugizi w'igipolisi Theos Badege, mu kiganiro yaahye BBC yisobanuye ku birego vya FDU inkingi, yari yavuze ko

itewe umwitwarariko n' abantu bajanwa n' inzego z' umutekano mu nyuma bakabura irengero.

Ku kibazo ca Havugintwari Lambert maze ukwezi kose umuryango wiwe utazi aho ari, Theos Badege avuga ko ikiringo co gupfungwa vy'agateganyo

imbere yo gushikirizwa ubucamanza carenze kuber'uburemere bw'ivyaha akurikiranwako

Nayo kuba umukenenyi wiwe atamenyeshejwe ahw'ari, ngoyasobanuriwe vyose ahabwa n'impunguzo z'imodoka yiwe.

Kubwa Theos Badege, ivyo ngo vyerekana neza ko yamenye ko umugabo wiwe afiswe n'inzego z'umutekano atanyurujwe.

Ku bandi bavurwa ko bajanywe n'inzego z'umutekano ariko ntibemenyekane irengero, Mugaga Karera na Niyonagize Aloys,

umuvugizi w'igipolisi asobanura ko azi Aloys we nyene uwundi atawo azi.

Niyonagize ngo yafashwe mu bafise urumogi, aja gushaka guhunga polise igihe bajanwa mu modoka gupfungwa, niko gukomereka.

Theos Badege yemeza kandi ko umuryango wiwe war'ugiye kumeneyshwa iy'ari.

Ibi bitandukanye n' ivyavurwa na FDU Inkingi, aho imenyesha ko mu kumenya ivy' uyu musore, abo mu muryango wiwe bamusanze mu bitaro

aho yajanywe na polisi ari indembe batazi uburyo yakomeretse, bagakeka ko yishwe urubozo.