Laurent Gbagbo arasaganirijwe

Umusirikare ashigikiye Alassane Ouattara ku rugamba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters (audio)
Image caption Umusirikare ashigikiye Alassane Ouattara ku rugamba

Abasirikare muri Cote d'Ivoire barwanya Laurent Gbagbo ubu agoswe, bateye ingoro yiwe nyuma yaho ibiganiro vy'uko yitanga bivyariye ubusa, bashaka kumugondoza ku nguvu.

Ukurasa gukomeye kwumvikanye igihe abasirikare bashigikiye uwemerwa n'amakungu ko ariwe yatsinze amatora yo mu kw'icumi na rimwe, Alassane Ouattara, bagaba igitero.

Bavuze ko bagiye mu ngoro ya bwana Gbagbo kumufatisha amaboko.

Abari ku ruhande rwiwe bavuze yuko ivyo bisa nko gushaka kumugandagura, ariko abakorana na bwana Ouattara bavuga yuko abasirikare babo bahawe itegeko ryo kutamwica.

Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Alain Juppe, yagirije bwana Gbagbo ko ari kwica amatwi ku buryo butumvikana, ngo mugihe abantu bose bamukuyeko amaboko.