Inama y'i Doha ku kibazo ca Libya

Inama y'i Qatar ku kibazo ca Libya Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Inama y'i Qatar ku kibazo ca Libya

Abagize umugwi w'ibihugu birwanya ubutegetsi bwa Colonel Khaddafi muri Libya bumvikanye ko bagiye gushirako uburyo bwo kuronsa imfashanyo y'amahera abutwaje ibirwanisho bamurwanya.

Itangazo ryashizwe ahabona nyuma y'inama yabera i Qatar rivuga ko iyo mfashanyo izokoreshwa mu vy'ihutirwa hamwe no gushirako uburyo bwo gukora.

Iryo tangazo ariko ntiryatomye nimba ayo mahera ashobora gukoreshwa mu kugura ibirwanisho.

Ryasubiye guhamagarira Colonel Khaddafi gutanga imihoho, ryemanga ko ubutegetsi bwiwe butacemewe.

Iryo tangazo ryongeyeko yuko ibihugu bibifisemwo uruhara, bizobandanya gukora ibishoboka vyose mu gukingira abanyagihugu.