Inama ya NATO iBerlin ku kibazo ca Libya

Inama ya NATO ibera Berlin Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inama y' umuryango NATO ibera Berlin

Umunyamabanga mukuru wa NATO, Anders Fogh Rasmussen, yongeye kwemeza ko urwo rwego rufise ishaka ryo gukingira abanyagihugu ba Libya no kurangura ico gikorwa nk'uko bagitumwe

Munama y'abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu bigze uwo muryango iriko ibera Berlin, yavuze ko NATO izobandanya ibikorwa yise kw' ar'ivyo mu rwego rwo hejuru vyo kurwanya ubutegetsi bwa Gaddafi.

Bwan Rasmussen yavuze ko NATO ikeneye ibindi bihugu vyoterera mu bitero vyo mu kirere bikorwa mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu.

Ubwonegerza n'ubufransa vyakomeje kugondoza aibindi bihugu binywanyi vya NATO mur' iyo nma y'IBerlin kugira uruhara ruboneka mur'ivyo bitero vya Libya.