Dr Richard Sezibera agiye kuyobora EAC

EAC
Image caption Ikimenyetso c' umurayngo wa AfrikA Y'ubuseruko

Dr Richard Sezibera yatowe kuyobora EAC mu nama y'abakuru b'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko akaba asubiriye Juma Mwapacu wo muri Tanzania arangiza ikiringo ciwe uku kwezi.

Dr Richard Sezibera yahora ari umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Rwanda, amabanga yabayemwo kuva mu 2008.

Imbere y'aho yari intumwa idasanzwe ya president Paul Kagame mu karere k'ibiyaga binini.

Dr Sezibera yabwiye BBC ko mu vyo agiye gushimikirako mur'aya mabanga yiwe, ar'ugukomeza umugambi wo guhuza ibiro vy'amakori mur'uwo muryango, kimwe n'isoko rusangi.

Ngw'azokomeza kandi umugambi wo gushinga ifranga rusangi, no kunga urunani rwa politique muri East African Community.