Imvururu mu murwa mukuru wa Uganda

Kizza Besigye ahanganye n'umupolisi Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Kizza Besigye ahanganye n'umupolisi

Imvururu zadutse i Kampala, umurwa mukuru wa Uganda, birashoboka ko byatewe n'ukuntu abapolisi ejo bahohoteye Kizza Besigye.

Besigye yajanywe mu ivuriro amaze gukomeretswa n'abapolisi.

i Kampala haravugwa imvururu hagati y'abigaragambya n'abapolisi; abigaragambya bafunze imihanda bakoresheje amapine batwitse.

Amakuru aravuga ko leta yashyize abasirikare mu mihanda ya Kampala.

Hari amakuru avuga ko umuntu umwe yishwe abandi barakomereka.

Abashinzwe umutekano bakoresheje amasasu asanzwe, amasusu ya kawucu n'imyuka iryana mu maso.

Amaduka yafunze n'imodoka zitwara abagenzi zahagaze.