Dieudonne Gahizi n' agashimwe ka TVE i Londres

Dieudonne Gahizi n'agashimwe kiwe ku biro vya BBC i Londres
Image caption Dieudonne Gahizi n'agashimwe kiwe ku biro vya BBC i Londres

Umusore w'Umunyarwanda Dieudonne Gahizi yatsindiye agashimwe kuri film ngufi yiwe "The Change and I mean It" mw'ihiganwa ry'ama film ku bidukikije.

Iryo higanwa ryitiriwe Biomovie Competion, ritegurwa na television yo ngaha mu Bwongereza yitwa TVE.

Muri iryo higanwa, film ya Dieudonne yahiganywe n'izindi film zirenga ijana muri urwo rwego.

Film yiwe yibanze ku bikorwa rusangi vyo mu Rwanda bita umuganda, bigamije guteza imbere abanyagihugu bakoresheje amaboko yabo.

Iteka ku Rwanda

Dieudonne yaronse ako gashimwe ngaha i Londre ku wa gatatu, uno munsi akaba yagendeye ibiro vya BBC Gahuzamirango, atwiganira kuri iyo film yiwe n'agashimwe yaronse.

Iyo film ngo yashimwe mu zindi nyinshi zavuye hirya no hino kw'isi, ishirwa muri 12 za mbere zerekanywe kuru Youtube abantu bagahitamwo iyo babona ikwiye gutsinda.

Dieudonne avuga ko ako gashimwe kajana n'agahembo k'amahera make, ariko ngo igihugu ni uguhesha ishema igihugu ciwe c'u Rwanda.

Aracari umunyeshure muri kaminuza y'u Rwanda, akaba avuga ko umwuga wo gukora film awukunda cane, kandi ko ashaka kuzowubandanya.