ONU irifuza agahengwe mu ntambara ya Libya

Abarwanya  leta ya Libya barindiriye abo bahanganye ku rugamba mu muji wa Msrata Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanya leta ya Libya mu muji wa Msrata

Inkuru zituruka muri Libya ziremeza ko inyubakwa za leta arizo zatumberejwe mur'ivyo bitero bine vyagabwe n'ingabo z'urunani rw'ibihugu vya Bulaya na Amerika NATO

Mu bibanza vyatewe harimwo inyubakwa z'umukuru wa Libya Muammar Gaddafi.

Ibibanza bine nivyo vyagabweko ibitero.

Uhagarariye igisata co gufasha mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Valeria Amos, yari yateye akamo ko guhagarika intambara, kugirango abatang' infashanyo baronke agahengwe ko kuzishikana kubo zigenewe.

Avuga ko infungurwa zimaze gukeha ku kivuko ca Misrata, hagenzurwa n'abarwanya colonel Gaddafi.