Abarwanya leta ya Libya bafashe ikibuga c'indege i Misrata

Abarwanya leta ya Khaddafi i Misrata Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanya leta ya Khaddafi i Misrata

Abarwanya leta ya Colonel Khaddafi bavuga ko bigarurikye ikibuga c'inde mu muji wa Misrata nyuma y'iminsi myinshi barwana n'abasirikare ba leta.

Hari amakuru avuga ko mu mabarabara ya Misrata abantu bariko barigina, abarwanya leta nabo bakaba bafashe bimwe mu biduga vy'ingwano vyatawe n'abasirikare ba leta.

Misrata niwo muji mukuru ugira gatatu muri Libya, abihweza utuntu n'utundi bakavuga ko gufata ikibuga c'indege cawo ari intambwe ikomeye ku barwanya leta nyuma y'indwi zitari nkeyi babangamiwe na Khaddafi.

Kare ishirahamwe ry'abivunira umwansi hamwe, NATO, ryavuze ko indege zaryo zimaze kugenzura no gutera inshuro ibihumbi bitandatu muri Libya kuva aho iryo shirahamwe ritanguriye ivyo bikorwa mu mpera z'ukwezi kwa gatatu.