Samuel Wanjiru yapfuye afite 24

Samuel Wanjiru yapfuye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Samuel Wanjiru yapfuye

Umunyakenya watsindiye umudari wa zahabu mu kwiruka marathon mu mikino Olympic, Samuel Wanjiru, yapfuye afite imyaka 24 gusa.

Yaguye iwe mu rugo, muri Kenya, ahanutse kw'ibaraza ry'igorofa yaratuyemo.

Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko yiyahuye, ariko undi avuga ko ari impanuka yagize amaze gutongana n'umugore we kubera umugore yarazanye mu rugo rwe.

Mu kwezi kwa 12 gushize, yarezwe ibyaha byo gutera ubwoba umugore we, gutunga intwaro mu buryo butemewe n'amategeko hamwe no guhohotera ushinzwe umutekano.

Wanjiru yatsinze irushanwa rya marathon ry'i Chicago n'i Londres, anabona umudari wa zahabu mu mikino Olympic iheruka kbuera i Beijing.