Strauss Khan yafunzwe

Strauss-Khan muri gereza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Strauss-Khan muri gereza

Umucamanza w'in New York muri Amerika yanze ko Umukuru w'ikigege mpuzamahanga Dominique Strauss-Khan, afungurwa by'agateganyo kugirango aburane ari hanze ku birego bivuga ko yashatse gufata ku ngufu umugore ukora muri Hotel.

Bwana Strauss yafashwe kuwa 6 amaze kurira indege ya Air France yarigiye i Paris mu Bufaransa.

Bwana Strauss yari yitezwe kuzapiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu ataganijwe mu Bufaransa mu mwaka utaha.

Abanyamakuru bavuze ko amafoto yerekanywe kuri Television ajyanywe mu rukiko yambitswe amapingu, ngo yatangaje abantu mu Bufaransa.

Bwana Strauss yari yitezwe i Bruxelles mu Bubiligi mu nama y'umuryango w'ibihugu by'uburayi.

Iyo nama yarigamije kwemeza guha inguzanyo yo kugoboka igihugu cya Portugal cyugarijwe n'imyenda.

Umuryango w'uburayi n'ikigega mpuzamahanga byari byiyemeje guha Portugal inguzanyo ya miliyaridi 110 z'amadollar y'Amerika.