Abiyerekana muri Espagne banse guhagarika

Imyiyerekano muri Espagne Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyiyerekano muri Espagne

Abiyerekana bashika ku bihumbi 25 muri Espagne birengagije itegeko rya leta ryo guhagarika bacumbuka mu kibanza kiri mu muji wa Madrid.

Abiyerekana bashavujwe na politike ya leta mu vy'ubutunzi bakaba barigaruriye ico kibanza kuva mu ndwi iheze.

Umugwi ujejwe amatora muri Espagne wari wabasavye kuhava mu gihe himirije amatora yo mu ntara ku munsi wa Mungu.

Mu gihe itegeko ribabwiriza kuhava ryaja mu ngiro mw'ijoro, abiyamiriza batanguye kuvuza induru kandi abapolisi ntaco babatwaye.

Imyiyrekano imaze iminsi itandatu itanguye, ikaba yatanguriye i Puerta del Sol mu muji wa Madrid, igihe urwaruka rwari rwashavujwe n'uko 45% mu rwaruka ata kazi bafise.

Abantu bagiye baragwira baba benshi, barenga umurwa mukuru gushika no mu yindi miji, amajana muri bo bakaba baraye hanze muri iyo minsi itandatu iheze.