Obama: Nzosubiramwo igitero nk'icishe Bin Laden

Prezida Obama ariko araha ikiganiro BBC Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Prezida Obama ariko araha ikiganiro BBC

Prezida wa Amerika Barack Obama avuga ko azotegeka ko hakorwa ikindi gitero nk'icishe umukuru wa Al-Qaeda, Osama Bin Laden.

Yavuze ko Amerika yubaha ubwigenge bwa Pakistani, ariko ngo ntishobora kureka ngo imigambi mibi ishirwe mu ngiro ata gikozwe.

Iyicwa rya Bin Laden n'abasirikare ba Amerika muri Pakistani itarikizi 2 z'ukwa gatanu, ryatosekaje imigenderanire hagati y'ibi bihugu vyombi.

Ivyo Prezida Obama yabivugiye mu kiganiro yahaye BBC imbere y'uko atangura urugendo ku mugabane wa Buraya.

Abajijwe ico yokora mu gihe umwe mu bakuru ba Al-Qaeda, canke uw'aba Taliban Mullah Omar, vyomenyekana ko ari muri Pakistani canke ikindi gihugu cigenga, Obama yavuze ko Amerika yofata icemezo yonyene bikenewe.