U Bufaransa bwasubiye kwima ubuhungiro Agathe Kanziga

Ubutungane Uwufise ububasha kw’isanamu i
Image caption Ubutungane

Sentare ya Prefecture ya Essone mu Bufaransa yasubiye kwima uruhusha rwo kuba mu Bufaransa umugore w'uwahoze atwara u Rwanda Agathe Kanziga.

Iyo sentare ivuga ko madame Kanziga ashobora kubera intambamyi umutekano w'u Bufaransa, kandi ngo nta kintu kigaragara kiriho cotuma aguma muri ico gihugu.

Sentare ivuga ko ashobora kujanwa mu gihugu ico arico cose gishobora kumwakira kiretse u Rwanda.

Uwumwunganira, Maitre Philippe Meillac, yabariye BBC ko ivyo sentare yagize ari ukwirengagiza amategeko.

Ngo uwo mupfasoni nta buryo na bumwe ashobora kubangamira umutekano w'u Bufaransa, kandi mu gihe ahafise umuryango, ngo yari afise uburenganzira bwo kuhaba.

Maitre Meillac avuga ko bagiye gusaba sentare kubwiriza Prefecture ya Essone ikamuha impapuro z'imfatakibanza, mu gihe bunguruza urubanza.

Madame Agathe Kanziga asanzwe aronderwa na leta y'u Rwanda, imwagiriza kugira uruhara mw'itegurwa ry'itsembabwoko ryo mu Rwanda mu 1994.