Imirwano mu murwa mukuru wa Yemen

Imirwano muri Yemen Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imirwano muri Yemen

Mu mihanda ya Sanaa, umurwa mukuru wa Yemen, harabera imirwano hagati y'ingabo za leta n'ishyarahamwe ry'amoko akomeye muri icyo gihugu.

Ayo moko yifatanije n'abaharanira demokarasi barwanya leta ya perezida Ali Abdullah Saleh.

Muri iyo mirwano imAze iminsi 3 hamaze gupfa abantu barenga 40.

Iyo mirwano yatangiye kuwambere, abasirikare ba leta bamaze gutera urugo rwa Sheikh Sadiq al Ahmar, umuyobozi w'ubwo bwoko.

Perezida Saleh ararega Sheikh al Amar ko arimo kugerageza gutangiza intambara y'isubiranamo.