Sentare yashinze ko Mladic ajanwa i La Haye

Ifoto ya kera ya Ratko Mladic Uwufise ububasha kw’isanamu Politica
Image caption ifoto ya Ratko Mladic

Umucamanza wo muri Serbia yavuze ko Ratko Mladic ashobora kurungikwa kuburanira kuri sentare mpuzamakugnu mpanavyaha y'i La Haye.

Umushingwamanza wa General Ratko Mladic yaciye avuga ko azokungururiza ingingo ya sentare yo kurungika i La Haye uwo aburanira.

Mbere, Maitre Milos Saljic, yari yavuze ko General Mladic atameze neza ku buryo yoshobora gukwirikirana urubanza ku vyo aregwa birimwo ihonyabwoko.

Ariko uwuhagarariye ubushikirizamanza muri Serbia mu rwego rujejwe gukurikirana imanza z'ivyaha vyo mu ntambara, yavuze ko yibaza ko ababuranira Mladic barenze urugero.

Ingorane bavuga z'amagara yiwe, ngo n'icitwazo kugirango badindize irungikwa ryiwe muri sentare mpuzamakungu y'i La Haye.