Umugabo wa Victoire Ingabire muri gasamburamanza ya Hollande

Victoire Ingabire
Image caption Victoire Ingabire

Lin Muyizere yabwiye BBC ko yatatse urwego rwa gasamburamanza, amaze kubona ingingo ya sentare ya Hollande yo kurungikira ubutungane bw'Urwanda, zitatu mu nzandiko zavuye mu rugo iwe.

Ubutungane bw'Urwanda bwari bwasavye Hollande kurungikirwa inzandiko za Victoire Ingabire zatowe mu rugo, mu ntumbero yo gufasha mu rubanza rwa victoire ingabire.

Ingingo ya sentare yo kuwa mbere z'ukwa gatandatu uyu mwaka, yemeje ko zitatu mur'izo nzandiko zishobora kurungikwa mu Rwanda

Lin Muyizere avuga ko yungururije iyi ngingo, kuko abona kw'atari vyiza ko inzandiko zirimwo amabanga y'umuhari FDU inkingi zija mu minwe y'ubutegetsi bw'uwundi mugambwe bahanganye FPR.

Yemeza kandi ko ibintu bitarasobanuka neza kuko ngo n'ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Hollande ntiburavyumvikana ko neza n'ubwo imigenderanire.

Ndetse ngo hari n'abashingamateka bakomeza kubaza ubutungane kuri ico kibazo.