Ubuyapani bwakuvye kabiri inkurikizi za Fukushima

Abakozi bariko baragerageza gutabara urugomero rw'i Fukushima Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakozi bariko baragerageza gutabara urugomero rw'i Fukushima

Ubuyapani buvuga ko imishwarara yavuye mu rugomero rwa nucleaire rw'i Fukushima yikuvye kabiri igitigiri cari cashikirijwe mbere.

Ico gitigiri catanzwe nyuma y'ukwezi kumwe nyamugigima na tsunami bishegeshe Ubuyapanu mu kwezi kwa gatatu.

Ikigo c'Ubuyapani kijejwe umutekano w'ivya nucleaire kivuga ko ukuyonga kw'urwo rugomero kwanyarutse gusumvya uko bavyibaza.

Ariko ibiharuro bisubiwemwo vy'imishwarara yasohotse bingana 15 kw'ijana gusa y'ivyasohotse mu gihe c'impanuka y'i Chernobyl mu 1986.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari Tokyo avuga ko ibi bishobora kwongereza ingoga abagaya leta, mu kuvuga ko yo n'abajejwe urugomero rwa Fukushima, bikweze mu gutanga amakuru.