Regideso yisubiyeho

Ikibazo cy'amazi n'amashanyarazi mu Burundi
Image caption Ikibazo cy'amazi n'amashanyarazi mu Burundi

Mu Burundi, reta yafashe ingingo yo kuba irahagaritse ingingo yaheruka gufata yo kwongereza igiciro c’amatara n’amazi.

Iyo ngingo ifashwe inyuma yaho amashirahamwe y’abaguzi hamwe n’abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO ritanga amazi n’amatara, bagabishirije ko bashobora kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo yo kuduza ibiciro.

Ingingo yo guhagarika ibiciro bishasha vy’amatara n’amazi vyaheruka gushingwa n’ishirahamwe Regideso, yafatiwe mu nama nshikiranganji yo kuri uyu wa gatanu.

Iyo ngingo ije guhumuriza abanywanyi b’iryo shirahamwe n’amashirahamwe y’abaguzi bari baherutse gushikiriza urwandiko rwo gusaba ko bogira imyiyerekano mu mahoro yo kwiyamiriza iryo duzwa ry’ibiciro rirenze urugero ryashika ku bice 300% mu gihe agashahara ko katigeze kaduzwa.

Ikindi bidogera n’uko batari banagishijwe inama, abanywanyi bakaba baguye mu gahundwe bagiye kuriha, bagasanga umuyagankuba bahora baronka siwo babahaye.

Ivyo biciro bikiduzwa, vyariyamirijwe n’amashirahamwe aserukira abaguzi mu biganiro yatunganijwe, mu gihe abarongoye ishirahamwe Regideso bo baguma bavuga ko atacahindutse kinini, mbere n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bukaba bwari bwashigikiye iyo ngingo.

Ubwo bushikiranganji nyene ni bwo bwaraye bushikirije ko iryo duzwa ribaye rirahagaritswe, ariko abari bayiyamirije bakaba basaba ko muri kazoza boza baragishwa inama, kandi ingingo mwene izo zigafatwa baravye ubushobozi abanyagihugu bafise.

Amashirahamwe y’abaguzi aguma yagiriza reta ko iguma iduza ibiciro vy’ibintu uko bukeye uko bwije, bikagira ingaruka mbi ku buzima bw’abanyagihugu ngo kuko n’ibindi bintu vya nkenerwa bica birushirizaho kuzimba.

Aha baragaruka kw’iduzwa ry’igiciro c’igitoro, ibiyeri, umukate hamwe n’igitabo c’inzira.