Police yarwanye n'abiyerekana mu Bugiriki

Abapolisi batera ivyuka bikoroza amarira abiyerekana mu Bugiriki Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapolisi batera ivyuka bikoroza amarira abiyerekana mu Bugiriki

Igipolisi co mu Bugiriki carwanye n'abiyerekana bashaka kubuza abashingamateka kuganira kw'itegeko ryo kugabanya amahera leta ikoresha.

Niyo mwiyerekano ya mbere ibayemwo itana mu mitwe nk'iri mu muji, aho abiyerekana barwana n'abapilisi, ahandi bakarwana hagati yabo nyene.

Iyo myiyerekano ibaye ku munsi umushikiranganji wa mbere, George Papandreou, ariko arasaba inama nshingamateka kumushigikira mu mugambi mushasha wo kugabanya cane amahera akoreshwa.

Izo ngingo nshasha zirimwo kugabanya amahera ashika ku miriyaridi 40 hagati y'imyaka y'2012 n'2015.

Bwana Papandreou yagiranye ibiganiro vyihutirwa na prezida Karolos Papoulias, ariko ivyo baganiriye ntibiramenyekana.

Iri tana mu mitwe rihuriranye n'ihagarikwa ry'akazi rusangi, ryahungabanije ibikorwa ku bitaro, kwunguruza abantu hamwe n'itangazamakuru.