Leta yahindutse mu Bugereki

Evangelos Veniselos Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Evangelos Veniselos, umushikiranganji musha w'ikigega c'Ubugereki

Ihindurwa rya leta y'Ubugereki riri mu nzira yo kurondera ko abanyagihugu bashigikira ingingo yo gutubika umukanda yasabwe n'abaha ingurane ico gihugu.

Evangelos Veniselos, azwi nk'uwakunze kunegura umushikiranganji wa mbere George Papandreou, niwe yahawe ubushikiranganji bw'ikigega ca leta.

Yahora mu bushikiranganji bwo kwivun'abansi.

Iryo hindurwa rya leta rije mu gihe haheruka imyiyerekano ikomeye no kugumuka kw'abo mu mugambwe w'aba socialites uri kubutegetsi, biyamiriza iduzwa ry'amakori no kugabanya amafranga leta ikoresha.

Inama nshingamateka izorinda kwemeza iyo leta nshasha, ivyo bikaba vyitezwe ku munsi wa Kabiri