Imyiyerekano irakomeza muri Syria

Syria Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Syria

Ibinyamakuru vya leta vyemeza ko igitigiri c'aba polisi batari bake barashwe bagakomereka mu muji wa Damas no hagati muri Homs.

Inkuru zitaremezwa neza zituruka mu baharanira ubwigenge, zemeza ko abari mu myiyrekano bagera kuri 16 bishwe n'abajejwe umutekano mu miji itari mike irimwo Aleppo.

Hari n'abandi bakomeretse ku nkengera z'igihugu mu muji wa Banias.

iyo migumuko yashwaye kugera ku rubibe rwa Libani aho umuntu umwe bivurwa ko yishwe abandi benshi bagakomereka.