Umunsi mpuzamahanga wahariwe impunzi

Kwizihiza umunsi mpuzamahanga w'impunzi mu ikambi ya Mtabila muri Tanzania
Image caption Kwizihiza umunsi mpuzamahanga w'impunzi mu ikambi ya Mtabila muri Tanzania

Ikambi ya Mtabila itegerezwa gufungwa imbere yuko uyu mwaka urangira.

Ivyo vyashikirijwe n’abategetsi ba leta ya Tanzania bari kumwe n’abaserukira HCR mu birori vyo gihimbaza umusi mukuru wahariwe impunzi kw’isi.

Ikambi ya Mtabila irimwo impunzi zirenga ibihumbi 36, benshi muri bo bakaba ari abana bamaze imyaka itatu batiga kubera amashure yugawe.

Abategetsi ba leta ya Tanzania hamwe n'abayobozi ba HCR basaba izo mpunzi gusubira mu gihugu cabo, kubera ngo nta mpamvu n’imwe isigaye yotuma babandanya kuguma mu buhungiro.

Impunzi zisaba kubandanya zifashwa ngo kuko amakuru zibandanya kuronka avuye ku bimenyeshamakuru vyo mu Burundi, avuga ko ata mutekano uhari.

Ntibiramenyekana ingingo zizofatwa mu gihe impunzi zobandanya kwanka gutaha ku gushaka, gushika igihe zahawe kirangiye.