Michelle Obama yasuye Soweto

Michelle Obama ari kumwe na Nelson Mandela Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Michelle Obama ari kumwe na Nelson Mandela

Madamu Michelle Obama, umugore wa perezida Obama w'Amerika, yashimiye abahohotewe na politiki y'ivangura moko mu mudugudu wa Soweto, muri Afurika y'epfo.

Soweto yabaye indiri y'ibikorwa byo kurwanya politiki y'ivangura moko ya bagashaka buhake b'abazungu muri Afurika y'epfo.

Madamu Obama yagejeje ijambo rye ku bagore bakiri bato muri Afurika ari muri kiriziya yamenyekanye igihe cy'imyivumbagatanyo yo muri Soweto.

Yavuze ko intambara yo kurwanya ivangura moko muri Afurika y'epfo n'ibikorwa byo guharanira uburenganzira bw'abanyamerika barwanyaga ivangura moko bigomba kubera urumuri abagore mu bikorwa byo kurwanya ibibazo bafite nka SIDA no guhohoterwa.

Kuwambere, madamu Obama yasuye Nelson Mandela, perezida wa kera w'Afurika y'epfo.