Umutekano ukomeje guhungabana mu Burundi

Abasirikare b'u Burundi
Image caption Abasirikare b'u Burundi

Umutekano waraye usubiye guhungabana mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura muri commune Kanyosha aho umuntu yaraye yishwe abandi batatu bagakomereka.

Abantu bitwaje ibigwanisho bateye grenade mu bunywero bwitwa Iteka rya Kiyege aho abanyeshure batari hamwe n’umwe mu bigisha babo bariko barasangira icupa ry’uko biruhutsa ko bahejeje ibibazo vy’igice ca nyuma c’umwaka.

Umwe muri bo yarahitanywe n’iyo grenade arapfa abandi batanu barakomereke. Haruguru y’aho ahitwa muri Quartier BIhara naho haravugiye inkoho nyinshi cane muri iryo joro nyene n’ubwo atawuramenya ivyoba vyarahononekariye.

Aho hose nta n’umwe azi abatera abaribo, uretse ko bamaze iminsi basa n’abimonogoje mu gihe iyi ndwi irangiye ari nk’uko atajoro ryijana batagize igitero muri ivyo bice vy’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Hirya y’ejo hari habaye igitero ku musaga hapfa abantu babiri harimwo umupilisi n’umwe mu bateye.

Twarondeye ariko ntitwashoboye kuronka abavugira igipiolisi ngo bagire ico bavuze kuri ivyo bitero bimaze iminsi. Ikiboneka n’uko abanyagihugu basubiye mu bihe vyo mu minsi iheze aho bugoroba bakaganya.

Ivy’uko abo Bantu ari abicanyi biraboneka kuko hari aho bagenda bishe, ariko ivy’uko ari abasuma abanyagihugu ntibavyemera cane kuko n’aho bacishamwo bagasahura, hari ibindi bitero bagira ubona ko bafise izindi ntumbero.

Hari mbere n’abanyagihugu bavuga ko leta ikwiye kurondera abo Bantu kugira imenye ico barondera gutyo haboneke umuti wo kurangiza uruhagarara rwasubiye kugarukana icuka nk’ico mu ntambara.

Ariko umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yarabakuriye inkoni ku gishitsi mu kuvuga ko ata biganiro nk’ivyabaye igihe c’intambara bizosubira mu gihugu gitwarwa n’inzego zatowe n’abanyagihugu.