Muri Nigeria abarenga 20 biciwe mu kabare

Boko Haram ishaka kwigarurira uburaruko bwa Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Boko Haram ishaka kwigarurira uburaruko bwa Nigeria

Mu buraruko bwa Nigeria abantu barenga 20 biciwe mu bitero bitatu bitandukanye bivugwa ko vyagizwe n'aba Islam b'intagondwa.

Benshi bapfuye igihe abantu bari ku mapikipiki bateye ibisasu mu kabare mu muji wa Maiduguri, hanyuma baca bararasa.

Umunyamakuru wa BBC yashitse aho vyabereye avuga ko abanyu bahiye bagahinduka iminyota, ako kabare nako karasambuka kose.

Ibindi bitero vyabereye ahantu hari ikiriyo hamwe no kw'ishure ryigisha inyigusho za Islam.

Igipolisi kivuga ko ivyo bitero vyagabwe n'umugwi w'intagondwa z'aba Islam witwa Boko Haram, uwo mugwi nyene ukaba mu ndwi iheze warateze igisasu ku biro bikuru vy'igipolisi.

Boko Haram mu rurimi rw'igi Hausa bisugura ko inyigisho z'abanye Buraya ari umuvumo, uwo mugwi rero ukaba ushaka gushinga leta ishingiye kw'idini rya Islam mu buraruko bwa Nigeria.