Urubanza rw'abashatse kwica Nyamwasa rwimuriwe ejo

Kayumba Nyamwasa
Image caption Kayumba Nyamwasa

Muri Afrika y'epfo urubanza rw'abashatse kugandagura Faustin Kayumba Nyamwasa rwari rwahagamagajwe uno munsi rwungururijwe ejo.

Urwo rubanza rwungurujwe biturutse ku wuburanira abarerwa atari yitavye.

Umuntu yitwaje inkoho yashatse kwica bwana Kanyumba muri Afrika y'epfo mu mwaka uheze aramuhusha.

Uwo musirikare yahungiye muri ico gihugu, yagumye atunga urutoke ubutegetsi bw'u Rwanda avuga ko ari bwo bwashatse kumwica, ariko u Rwanda rwarabihakanye.

Igipolisi ca Afrika y'epfo carafashe abantu gikeka, uno munsi akaba ariho urubanza rwabo rwagomba gutangura.