Ibivurwa n'ivyabona mu rubanza rwa Nyamwasa

Lt Gnl Kayumba Nyamwasa
Image caption Lt Gnl Kayumba Nyamwasa

Abanyarwanda batatu kumwe n'abanyatanzania batatu nyene, bagirizwa kuba barafatanije umugambi wo kugandagura Lt general kayumba Nyamwasa muri Afrika y'epfo bongeye kurenguka imbere ya sentare Johannesburg.

Uyu munsi humvirijwe umwe mu vyabona bibiri vyagiriza abakekwa kuba barakoze uyu mugambi.

Nyene kumvirizwa uyu musni yagirije uwari umushoferi wa Kayumba Nyamwasa ku vyo yamubwiye imebre y' uko araswa.

Yemeza ko yabanje kumenya inkuru y'uko hari abasirikare b' Urwanda bavuye ku mugabane wa Bulaya bazanywe n'uwo mugambi.

Yanasobanuye ko uwo mushoferi yanashatse kumusaba ko bafatanya mur'uwo mugambi.

Ico cabona caje muri sentare cambaye ku buryo bugaragaza ko cifuza kwihisha, kandi umutekano wiwe urarinzwe.

Ndetse we n'umuryango wiwe barimuwe bakurwa aho bahora, ubu bakaba barindiwe umutekano.

Uru rubanza ruzokomeza ejo kuwa kane

Bwana Nyamwasa yagirizwa n'ubutegetsi bw'Urwanda kuba inyuma y'ibitero vy'iterabwoba vyakozwe hifashishijwe ibisasu vya grenades mu Rwanda.

Ubutegetsi bw'ubufransa n'ubwa Espagne nabwo bwatanze inzandiko zirondeza Kayumba, ku vyaha vy'intambara vyakozwe hagati mu myaka ya mirong'icenda.