Dominic Strauss-Kahn yarekuwe

Dominic Strauss Kahn ashitse kuri sentare i New York Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Dominic Strauss Kahn ashitse kuri sentare i New York

Uwahoze ari umukuru w'ikigega mpuzamakungu, Dominic Strauss-Kahn, yarekuwe ava aho yari apfungishijwe ijisho i New York akaba yakekwa gushaka gufata ku nguvu umugore akora mw'ihoteri.

Umucamanza yavuze yuko urubanza rwa bwana Strauss-Kahn rudaheze, ariko yamurekuye ata ngingo isabwe ku mwumvikano n'abashinjacaha.

Bwana Strauss Kahn yasohotse icumba ca sentare ariko aramwenyura.

Abamwunganira bavuga yuko afise uruhusha rwo kuva i New York, ariko ngo ntashobora kuva muri leta zunze ubumwe za Amerika.

Irekurwa ryiwe ryakurikiye amakuru avuga yuko hari amakenga ku bivugwa n'uwumwagiriza, ku buryo atokwizerwa nk'icabona.

Uwunganira uwo mugore avuga ko atigeze ahindura inkuru y'ukuntu bwana Strauss Kahn yamuhohoteye, kandi ngo hari ibimentetso bikwiye vyerekana ko ivyo avuga arivyo.