Igitero c'amagrenade n'inkoho i Bujumbura

Ibendera ry'Uburundi
Image caption Ibendera ry'Uburundi

Mu Burundi, igipolisi cerekanye abantu batanu gikeka ko bari inyuma y'igitero c'amagrenade n'inkoho vyumvikanye nijoro hagati ya commune Rohero na commune Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe c'isaha zine na zitanu z'ijoro niho humvikana urwamo rw'ama grenade n'inkoho hagati y'ibiraro bibiri vy'urunzi Muha, ica ruguru n'ico hagati.

Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Channel Ntarabaganyi, avuga ko abantu atawuzi igitigitiri batanguye gutera grenade abapolisi bari ku kiraro ca ruguru, nabo baca basukira amasasu aho biketse ko izo grenade zizananye, baca bagabisha abo ku kiraro co hagati ku biraro vyombi baca batangura gusaka imiduga yose irengana niko gufata abantu batatu bateye amakenga.

Uretse kumenya ko batatu muri abo bigeze kuba ari abasirikare, umuvugizi w'igipolisi yavuze ko amatohoza ariho agitangura kugira bamenye neza abo Bantu abaribo, abo boba bakorana canke ababatuma.