Al-Shabab yemeye ko imfashanyo itangwa

Uruzuba rubangamiye abantu muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uruzuba rubangamiye abantu muri Somalia

Umuhari al-Shabab urwanya leta ya Somalia wakuyeko itegeko ribuza amashirahamwe y'abagiraneza gukorera mu turere ugenzura kubera ikibazo c'uruzuba mw'ihembe rya Afrika.

Umuvugizi wa al-Shabab, Ali Mohamoud Rageh, yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru avuga ko amashirahamwe y'abagiraneza, yaba ay'aba Islam canke ayandi ashaka gufasha, ashobora kuvugana n'uwo mugwi.

Umuryango mpuzamakungu ONU hamwe n'ayandi mashirahamwe, vyarabujijwe na al-Shabab gusubira gukorera mu karere igenzura kuva mu 2009.

Ariko abantu isinzi babandanije guhunga Somalia berekeza inkambi z'impunzi ziri muri Kenya, barondera ivyo kurya n'amazi.

Uruzuba ruri mu karere Somalia iherereyemwo, bivugwa ko ari rwo rukaze cane rumaze kuboneka mu myaka mirongo itandatu.