Leta mfatakibanza ya Misiri ifise ibibazo

Abapolisi ba Misiri mu gihe c'imyiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi ba Misiri mu gihe c'imyiyerekano

Haratanguye kuboneka ibimenyetso vyo kutumvikana muri leta mfatakibanza ya Misiri, bitewe n'uko umushikiranganji wa mbere atarirukana abapolisi bagirizwa amabi.

Abo bapolisi bagirizwa kuba barahohoteye abantu bari mu myiyerekano yakuye ku butegetsi uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Mansour El-Essawy, yavuze ko azotanga imihoho nibamutegeka gufata ingingo iyo ari yo yose.

Umwe mu bakuru b'igipolisi yagabishije avuga yuko abapolisi bazovyiyamiriza bivuye inyuma, nibirukanwa ata matohoza abaye.

Umushikiranganji wa mbere, Essam Sharaf, yabitangaje ku munsi wa gatandatu, mw'ijambo ryari rigamije kworosha abashaka ko amahinduka aba n'ingoga mu Misiri.