Rebekah Brooks yasezeye ku kazi

Rebekah Brooks Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Rebekah Brooks

Umuyobozi w'ikigo cy'itangazamakuru cya Rupert Murdoch bita News International cyo mu Bwongereza, umutegarugore Rebekah Brooks, yasezeye ku mabanga yarashinzwe.

Rebekah Brooks yakomeje kwotswa igitutu kubera ibirego byo kwumvirizi telephone z'abantu byakozwe n'ikinyamakuru the News of the World yarabereye umwanditsi mukuru kugeza mu mwaka w'i 2003.

Imbarutso yabaye igihe babonaga ko icyo kinyamakuru cyumvirije telephone y'umwana w'umukobwa Milly Dowler wishwe, igihe Brooks yari umwanditsi mukuru w'icyo kinyamakuru.

Brooks ariko yavuze ko atigeze amenya iby'iryo yumviriza kandi ashyigikirwa na Rupert Murdoch. Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yavuze ko Brooks yafashe icyemezo kiza cyo gusezera ku kazi ke.