Mu Burundi hakomeje ubwicanyi

Umutekano muke mu Burundi
Image caption Ubwicanyi bukomeje kuvugwa mu Burundi

Abantu bitwaje ibigwanisho barateye ahitwa mu Karonda muri commune ya rumonge mu ntara ya Bururi bica umuntu yari acunze aho banyeshereje ibitoro bakomeretse n’umunyagihugu asanzwe baca bagenda batwaye n’inkoho y’uwo mupolisi.

Ababonye bavuga ko abo Bantu baciye bagana ishamba ribegereye atuwumenye abaribo urse ko harin inzandiko bahaseize bivugira ko ari abarwanyi. Ku ndwi iheze muri iyo commune nyene ya Rumonge hari abandi nkabo barrio bateye barica abantu babiri.

Ahandi umntu yaraye yatswee ubuzima n’i Matana Matana aho mu ntara ya Bururi nyene. Uwo nawe n’umudandaza abantu bitwaje ibigwanisho basanze mw’iduka yiwe inyuma y’isaha imwe y’ijoro, baramurasa arapfa, bakomeretsa abakozi biwe babiri.

Mw’i Rango aho ni mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw’igihugu naho hari umuntu yaraye yishwe nawe nyene bamusanze aho acururriza nk’uwo w’I Matana. Uretse aho I matana no mw’I Rango ubona ko abo bitwaje ibigwanisho baje barondera umuntu kanaka, mu Gitaza muri commune Muhuta mu ntara ya Bujumbura ho nijoro harumvikanye amasasu menshi mu kiringo c’imonota irenga 30 hagati y’abantu bitwaje ibigwanisho n’ibirindiro vy’abapolisi n’abasirikare.

Gushika ubu nta muntu avugwa ko yahasize ubuzima canke ngo akomereke, uretse ko abo bitwaje ibigwanisho hari aho bahise bariba amatelephone ngendanwa. Ivyo mbere bisa n’ibikunze kuba mu makomine ya Kanyosha na Kabezi muri iyo ntara nyene ya Bujumbura, mbere rimwe na rimwe no mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

N’aho biri uko umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yamaze amezi abiri y’ukwa gatanu n’ukwa gatandatu mw’isekeza ryo kugarukana amahoro muri iyo ntara yavuze ko ayo amahoro yagarutse ku bice birenga 90 ngo ku buryo ubu icoraza ishinga abanyagihugu kwoba ukwijukira ibikorwa vy’iterambere.

Ariko mu gihe budaca kabiri hatabaye igitero vyerekana ko ibibazo c’umutekano kigihambaye mbere atari no muri iyo ntara ya Bujumbura yonyene.