Goran Hadzic azojanwa i La Haye

Goran Hadzic Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Goran Hadzic

Sentare yo muri Serbia yemeje ko Goran Hadzic ajanwa kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye kuvyaha vyo mu ntamabra yagirizwa.

Niwe wanyuma yaronderwa mu bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara igihe igihugu cahoze ari Yugoslavia casambuka mu myaka ya 90.

Bwana Hadzic, yari umukuru w'aba Serb bo muri Croatia mu gihe c'intambara, yafashwe mu gitongo c'uno munsi nyuma y'imyaka myinshi yarapoteye.

Uwumwunganira yavuze ko atunguruza ku ngingo yo kumurungika kuri sentare y'i La Haye iburanya ivyaha vyo mu ntamabra, akaba rero ashobora kujanwayo mu mpera z'ino ndwi.

Abajejwe intwaro muri Serbia bavuga ko igihe bwana Hadzic yafatwa yari afise inkoho, ariko ntiyigeze ayikoresha.

Umuryango wa Buraya washimye ifatwa ry'uwo mugabo, uvuga yuko bizofasha Serbia kuronka akaryo ko kwinjira muri uwo muryango.

Uwahoze ari umugabo w'igisirikare c'aba Serbe bo muri Bosnie, Ratko Mladic, nawe haciye amezi abari afatiwe muri Serbia aca ajanwa i La Haye.