Mubarak n'abahungu biwe batanguye kuburanywa

Hosni Mubarak aryame ku gitanda c'abarwayi mu kumba yumviramwo urubanza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hosni Mubarak aryamye ku gitanda c'abarwayi mu kumba yumviramwo urubanza

Uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak, n'abahungu biwe babiri bahakanye ivyaha bagirizwa vyo kurya ruswa, kwungukira mu busuma hamwe no kwica abiyerekana.

Barengutse ubwa mbere muri sentare ku murwa mukuru Cairo, ariko urubanza rwungurujwe.

Bwana Mubarak yashikanywe mu kumba gatoyi yumviririzamwo urubanza, ari ku gitanda batwarako abarwayi.

Ababuranira abarega basavye ko umusirikare atwara Misiri kuri ubu, Field General Mohammad Tantawi, arengutswa nk'icabona, co kimwe n'umushikiranganji wiwe w'intwaro yo hagati, General Mansour al-Essawi.

Urwo rubanza rwerekanywe kuri za television nini zari zashizwe hanze ya sentare, kandi ihige Mubarak yashika, yakirijwe induru hamwe no gukobereza.

Habaye ibisa nk'akajagari muri sentare igihe abashingwamanza basoma intonde ndende z'ivyo basaba.