Leta ya Libya ivuga ko igifise umuji wa Brega

Abarwanya leta ya Libya Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abarwanya leta ya Libya

Leta ya Libya ivuga ko ari yo ikigenzura umuji wo mu buseruko uhingura ibitoro wa Brega, naho abarwanya leta bavuga ko bawugarije.

Television ya leta ya Libya yacishijeko inkuru y'umunyamakuru wayo avuga ko ari i Brega, ahakana ko abo yise imbeba n'inyeshamba za OTAN boba bafashe uwo muji.

Abarwanya leta ejo ku wa kane bavuze ko bigaruriye igice gituwe ca Brega, ariko bemera ko hakiri abasirikare ba Khaddafi muri ako gace.