Abagize akaguma mu Bwongereza bariko barafatwa

Umugabo afashwe yagirizwa kugira uruhara mu mvururu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugabo afashwe yagirizwa kugira uruhara mu mvururu

Abantu 1500 baramaze gufatwa bagirizwa kuja mu kaguma mu Bwongereza, igihumbi muri bo bakaba bafatiwe ku murwa mukuru Londres.

Umwe mu bategetsi bakuru mu gipolisi c'i Londres yavuze ko yotangara hadafashwe abandi bashika ku gihumbi mu gihe abapolisi babandanije guhiga abagize uruhara mu mvururu.

Abacamanza ku murwa mukuru basubiye gukora ijoro ryose; abagiriwe n'icaha benshi bikaboneka ko bahawe ibihano bikaze gusumvya uko bisanzwe nyuma y'umwidogo w'abapolisi n'abanye politike.

Umugabo umwe yakatiwe gufungwa amezi atandatu yagirizwa kwiba uducupa tw'amazi dufise agaciro k'ama dollar atanu.

Umugabo yakubiswe ariko aragerageza kuzimya umuriro wakijwe n'abari mu mvururu i Londres yishwe n'ibikomere yagize, akaba abaye uwugira gatanu ahitanywe n'ibijanye n'izo mvururu.

Abapolisi benshi

Hagati aho umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe intwaro yo hagati, Theresa May, yavuze ko hazoguma abapolisi benshi mu mabarabara mu minsi iri imbere, mu bice vyabangamiwe n'imvururu hamwe n'ubusuma mu ntango z'ino ndwi.

Umwe mu bakuru b'igipolisi c'i Londres yavuze ko abapolisi ibihumbi 16 bazogumizwa mu muji wa Londres mu ndwi ziri imbere, hako hogumye ibihumbi bibiri n'amajana atanu nk'uko vyahora.