Urubanza rwa Hosni Mubarak rwabandanije

Hosni Mubarak mu kumba k'utuyungiro muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hosni Mubarak mu kumba k'utuyungiro muri sentare

Umucamanza mu rubanza rw'uwahoze atwara Misiri, Hosni Muraka, yarwimuriye mu ndwi zitatu anavuga ko rutazosubira gucishwa kuri television.

Urubanza rwa Mubarak i Kairo ruzobera rimwe n'urw'uwahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Habib el-Adli, yagirizanywa na bwana Mubarak kuba barishe amajana y'abantu bari mu myiyerekano mu ntango z'uno mwaka.

Bwana Mubarak yarengutse kuri sentare uno munsi ari ku gitanda co kwa muganga, ashirwa mu kumba gatoyi gakozwe n'utuyungiro, ari kumwe n'abahungu biwe bagirizwa ruswa, bose bakaba bahakanye ivyaha baregwa.

Abantu bashika ku mirongo ibiri bakomerekeye mw'itana mu mitwe ryadutse hanze ya sentare i Cairo, hagati y'abashigikiye bwana Mubarak n'abashaka ko aryozwa ivyo yakoze.