Ikurwa rya bamwe mu nzego za UPRONA

Burundi
Image caption Burundi flag

Umukuru w'umugambwe w'abadasigana UPRONA yamenyesheje ko batatu mu banywanyi b'uyo mugambwe bakuwe mu nzego nkuru zawo.

Manwangari Jean Baptiste, Evariste Ngayimpenda na Tatien Sibomana bagirizwa ko bihaye gutyoza inzego z'umugambwe, abagshaka gucamwo amashami umugambwe w'abadasigana.

Abo bagabo ariko nabo bavuga ko umukuru w'umugambwe Bonaventure Niyoyankana ata bubasha bafise bwo gukura umuntu n'umwe mu mugambwe.

Bamwagiriza ko ari kumwe n'abaserukira umugambwe mu nzego z'ighugu, cane cane muri leta nk'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, badashima uburyo ariko akorana n'ubutegetsi.

Abifuza guhindura iabaserukira inzego z'umugambwe bashka ko n'abawuserukira muri leta bahinduka.

Ababona ibiriko biraba mu mugambwe UPRONA bavuga ko bidatandukanye n'ivyatumye iyindi migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yicviyemwo ibice.