Afrika y'epfo irasaba itohoza kuri OTAN

Ibitero vyo mu kirere vya OTAN Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero vyo mu kirere vya OTAN kuri Libya

Mu kiganiro yatanze mu nama nshingamateka, icegera c'umukuru w'igihugu Kgalema Motlanthe yagize ati ikibazo n'ukumenya niba ICC ifise ububasha bwo gushira imbere y' intahe abasirikare ba OTAN canke intwazangabo zabo.

Afrika y'epfo yamaze gutangiriza icifuzo ca leta zunze ubumwe za Amerika mu nama nkuru y'umutekano kw'isi, co kubohoza miliyaridi 1,5 z'amadolari ya Amerika ya Libya, yafatiwe mu ma banki ya US.

Uhagrariye Afrika y'epfo muri ONU Baso Sangqu, yavuze ko huga iyo nfashanyo barwanya leta ya Libya vyongereza kwimika urwo rwego nk' urwemewe mu gihugu.

Ariko rero n'ubumwe bwa Afrika, na Afrika y'epfo , nta ngingo barafata ku kwemera urwo rwego rw'abarwanya leta ya Libya.

Ariko ibihugu vyinshi vya Afrika biramaze kwemera urwo rwego rw' inma nkunru y' igihugu nfatakibanza, harimwo Chad na Burkina Faso vyahoze ari soma mbike ba colonel Gadadfi