Ibiganiro kuri Bani walid vyarangiye

Abdullah Kashil Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abdullah Kashil , aserukira abarwanya Gaddafi mu biganiro kuri Bani walid

Userukira inararibonye ziri mu biganiro kumwe n'abaserukira inama nkuru y'igihugu nfatakibanza, yabwiye BBC ko bagarutse muri Bani Walid kugondoza abanyagihugu baho n'ingabo za Gaddafi kubareka ngo binjire.

Avuga ko afise icizere ko amaherezo meza kur'izi mpari atari kure.

Uwo muji wa Bani Walid n'umwe mu bice vya nyuma bigishigikiye colonel Gaddafi.

Abanyagihugu baho bafise ubwoba ko abarwanya Gaddafi bashobora kubihorerako.