President Kagame:icinyegeje inyuma ya mandats za Espagne

President Paul kagame Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption President Paul Kagame

Mu nama yagiranye ejo n'abo mu nzego z'ubucamanza mu rwanda, President Paul kagame yavuze ko inyandiko zo gufata abari ntwazangabo 40 zasohowe n'umucamanza bwa espagne, ar'inyandiko za politique.

President Paul kagame yavuze ko bimaze gushika, aho umwe mu bari kur'urwo rutonde yafatiwe mu gihugu co muri Afrika, bakamusaba gusubira mu gihugu iwabo, nawe agasaba ahubwo ko bomurungika muri Espagne bavuga ko imurondera akaja kuburana, ariko bakanka.

Ivyo mugabo uwuburanira imiryango y'abanya Espagne bavurwa ko bishwe n'abo basirikare Jordi Palou, yabwiye BBC ko ataho arumva bishika ko umucamanza wa Espagne uyanka kwakira no kuburanisha uwuronderwa n'butungane.

Inyuma yo kubaza niba president Paul kagame yahishuriye abantu uwo muntu umucamanza wa Espagne yanse kwakira uwariwe, umushingwamanza Jordi palou, yavuze ko we ivyo azi ar'uko ata mucamanza w' ico gihugu yanse kwakira umuntu aronderwa ku bwicanyi bwakorewe abanya espagne mu Rwanda canke muri Congo.

Jordi Palou asobanura ko ibimaze gushika ari ko mu mwaka w' 2009, general James Kabarebe, yigeze guhagarikwa n' ubutegetsi bwo muri Afrika y'epfo , bukabimenyesha umucamanza wa Espagne.

Ariko ngo mu gihe kitarenze amasaha 24 yaciye arekurwa n'ubutegetsi bwa Afrika y'epfo.

Ahandi vyashitse nk'uko ngo ni muri Amerika, aho imbere yo mu ci har' umwe mu bari kur' urwo rutonde yahagaritswe vy'agateganyo Washngton DC, nawe nyane agaca arekurwa umucamanza amaze kwemeza ko aronderwa n'ubutungane.

Kubwa Jordi Palou, ngo har'abantu bo mu butegetsi bw' Urwanda bamaze kugendera igihugu ca Espagne barondera ko bogiraba ibiganiro na leta kur'urwo rubanza.

Ariko ku ruhande rw'umucamanza, ngo ku vyo azi nta cemezo kirafatwa co kwanka kwakira baronderwa n'ubutungane bw'ico gihugu ngo baburanywe.

Ubutungane bw'Urwanda bwo buhakana ko ata nzandiko mpuzamkungu zo gufata aba banyarwanda 40 zihari.

Umushikiranganji w'ubutungane w' Urwanda Tharcisse Karugarama avuga kw' ibirego Espagne yabashizeko ar'ibirego vya politique, ari nazo mpamvu ngo igipolisi ca Interpol cahakanye kurungika inzandiko zibarondeza.