Turkiya yaciye umubano na Israel

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Turkiya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire wa Turkiya Ahmat Davutoglu mu kiganiro n'abanyamakuru Ankara

Guca umubano hagati ya Turkiya na Israel gukurikiye icegeranyo c'ishirahamwe mpuzamakungu kitarashirwa ahagaragara, cemeza kw'igisirikare ca Israel cakoresheje inguvu zirengeye igihe catera amato ya Turkiya yariko aja muri Gaza, kikica abanya Tukiya icenda.

Kuva ico gihe umubano hagati y'ivyo bihugu vyompi waciye usa n'uhagaze, aho Turkiya yakomeje kubwira Israel ko yosaba imbabazi.

Israel ivuga ko yariko irivuna.

Abo banya Turkiya bariko bagerageza kurenga ku ngingo ya Israel yo kuzibira akarere ka Gaza.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryemeza ko kugara ako karere vyari bihuye n'amategeko.

Ico cegeranyo cari catevye gushirwa ahagaragara mu ntumbero yo kuraba kw'ivyo bihugu vyoshika ku mwumvikano.