Amerika yiyemeje gushigikira bikomeye Libya

Jeffrey Feltman Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jeffrey Feltman ari kumwe na Mustafa Abdul Jalil

Iyi ntumwa y'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa US Jeffrey Feltman, ajejwe ikibazo vyo mu buseruko, yavuze ko US yiyemeje gushigikira Libya mu nzira yo kubaka demokarasi ikomeye.

Yavuze kandi ko US izokwama yubahiriza ubwigenge bwa Libya, kandi kw'imigendersnire hagati y'ivyo bihugu izoshingira ku vyo Libya yifuza.

Bwana Feltman yemeza kandi ko Amerika ata ruhara ifise mu guhiga colonel Khadafi, kuko ivyo bitari mu vyo urwego rwa OTAN rujejwe bijanye no gukingira abanyagihugu basanzwe.

inyuma yo kubonana n'umukuru w'inama y'igihugu nfatakibanza Mustafa Abdul Jalil, bwana Feltman yavuze kw'abategetsi b'infatakibanza ba Libya bariko baregeraniriza mu rwego rumwe rutari urwa gisirikare, uturwi twarwaniye amahinduka.