President Bashir yagenye icegera ciwe gituruka Darfur

President Omar Al Bashir Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption President wa Sudan Oma Al bashir

Al Hajj Adam Youssef yahoze ar'umukuru w'intara akaba n'umushikiranganji w'uburimyi, agenywe inyuma y'aho Sudani y'amaj'epfo ironkeye ubwigenge, igatwarwa na Salva Kiir ari na we yabaye icegera c'umukuru w'igihugu wa mbere muri leta ya Khartoum.

Ariko abarwanyi bo mu karere ka Darfur bavuga ko iryo genwa ryiwe ataco rivuze, kuko ritazokuraho ikumirwa rikorerwa abatari abarabu ,canke ngo ribahe ijambo muri leta.

Bwana Bashir yadugije kandi Ali Osma Taha yahora ari mu bafasha biwe bakomeye, ku rwego rw' icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu.