Imburizi z'ikigega mpuzamakungu ku butunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Icicaro ca IMF

Ikigega mpuzamakungu IMF kiravuga kandi kw'iryo dindira rizozana ingaruka no mu yindi mihingo y'isi , uretse umugabane wa Bulaya na Leta zunz'ubumwe za Amerika.

IMF iravuga ko ubutunzi bw'isi bwinjiye mu bihe bishasha bikomeye.

Ico kigega gihamagarira ibihugu vya Bulaya gushira mu ngiro ingingo bimaze kwemeranya zijanye no guhangana n' ico kibazo, kandi kw' ibanki nkuru y'ishirahamwe rya Bulaya yar'ikwiye kwitegura kugabanya urugero rw'inyungu.

Kugabanya amafranga akoershwa na leta muri Amerika navyo ngo bishobora gutuma ubutunzi bw' ico gihugu bukomeza kuzamba.